BurundihomepageJusticekirundi

Amezi 11 ararangiye baratava mu mabohero

Ishirahamwe Ntabariza riharanira agateka k’abapfungwa n’imiryango yabo rimenyesha ko bibabaje kubona haheze  amezi 11 abapfungwa baronkejwe ikigongwe c’umukuru w’igihugu batarava mu mabohero.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa mbere, igenekerezo rya 9 Munyonyo 2020, uwurirongoye yavuze ko biri ku biri n’amategeko y’Uburundi.

Jean Marie Nshimirimana ahamagarira kandi umugwi w’amaho mu nama nshingamateka ujejwe agateka ka zina muntu kubikurikiranira hafi mu kugendera amabohero.

Abo banyororo bakaba bari bahawe ikigongwe n’umukuru w’igihugu nyakwigendera Pierre Nkurunziza, hari mu mpera z’umwaka wa 2019.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764