homepageIKIRUNDI_newsImyidagadurokirundikirundi_entertainmentSpirituality and progress

Appollinnaire ivyoyize mu myaka 50 agiye kubisangiza abandi

Apollinnaire Habonimana benshi bamuzi nk’umuririmvyi aririmba indirimbo zininahaza Imana igihe kitari gito mu gihugu c’Uburundi.

Yatanguye kuririmba afise imyaka 15. Tuvuze ko yoba ari umuririmvyi yahezagiye imiti ya benshi abicishije mu ndirimbo ziwe ntitwoba dushikuje.

Kuva ku myaka 15 gushika ubu akwijije imyaka 50 n’ukuvuga ko mu mwuga wiwe wo kuririmba amaze imyaka 35 ariko kandi muri iyo myaka yanahavuye aronka ubu apôtre, ubu akaba azwi kw’izina rya Apôtre Apollinnaire.

Ni kuri iyo mvo rero kuba yarakoze vyinshi akanamenya vyinshi abifashijwe n’Imana yashimye gusangiza ubumenyi n’abandi.

Igenekerezo rya 23/7/2022 ni isabukuru ry’amavuko yiwe aho azoba arumanije imyaka 50 (jubilé).

Kuva igenekero rya 17/7/2022 hatunganijwe igiteramo “Festival Burundi HIMBAZA”. Concert V.I.P ni kuri Zion Beach azokwifatanya n’abandi baririmvyi batandukanye nka Fortran Bigirimana, Rédemption voice, umurwi shemeza music n’abandi.

Igenekerezo rya 22/7/2022 kuri Stade Intwari niho hazobera igiteramo ca bose. Haranategekanijwe ivyirwa ku barongozi b’imirwi y’abaririmvyi (Chorale) ndetse n’abarongozi mu Rusengero kugira basangire ubumenyi.

Azoheza ashire ahabona igitabo kirimwo indirimbo zose yakoze ndetse n’ama flash arimwo izo ndirimbo kubazokenera kuzigura zizoba zihari.

Kw’igenekerezo rya 24/7/2022 hazoba ari ukwugurura icese urusengero “Shemeza worship Temple”. Kubwiwe ngo ikiremwa cose kiba gikwiye guhimbaza Imana kuko ngo niyo yonyene itanga amahoro.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 756