BurundihomepageJusticekirundisociete

Aragabisha abogerageza kuburabuza ibikorwa vy’umurwi CVR

Ivyo umurwi ujejwe kumenya ukuri no kunywanisha abarundi CVR umaze imisi uriko urakora, ngo si ukuzura akaboze nk’uko benshi bavyibaza.

Ivyo ni ibishikirizwa na Cyriaque Nshimirimana, icegera ca kabiri c’umukuru w’inama nkenguzamateka, hari kuri uyu wa gatandatu, i Gikuzi muri komine Vugizo intara ya Makamba, aho umurwi CVR wari uramutse usozera igice ca mbere c’ibikorwa wari umaze indwi zitandatu ukorera muri iyo ntara.

Cyriaque Nshimirimana amenyesha ko igikorwa umurwi ujejwe ukuri n’ukunywanisha abarundi uriko urakora ari ukugira ngo ukuri ku vyabaye kumenyekane, abarundi bamenye ko hari kirazira, yongera aranagabisha abogerageza kuburabuza ibikorwa vy’uyo murwi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 765