homepage

Arakaza Mc Arthur yamaze kuronka umurwi

Umunyegori Arakaza MacArthur yamenyekanye cane mu murwi Vital’o FC aritezwe mu gihugu c’Urwanda mi murwi wa Etincelles FC w’i Rubavu.

Nk’uko biri mu masezerano y’umunyegori Mc Arthur n’umurwi wa Étincelles agiye kuwukinira mu kiringo c’amezi 6.

Mc Arthur ni umwe mu banyegori b’abarundi bafise ubuhinga bwo gukuramwo ama penalty kuko yabikoze kenshi yaba ari mu gihugu c’Uburundi mu murwi Vital’o FC eka mbere no hanze y’igihugu nko mu murwi Power Dynamos wo mu Gihugu ca Zambia.

Uwo munyegori w’umurwi nserugihu w’Intamba mu rugamba afise imyaka 28, akaba yari amaze iminsi atamurwi afise kuko amasezerano yiwe n’umurwi Geita Gold yari yarangiye ariko ubu akaba yariko arakorera imyimenyerezo mu Burundi.

Umunyegori Mc Arthur arakaza yarakiniye umurwi Vital’o wo mu Burundi, SC Villa wo mu gihugu ca Ouganda,inyuma yaho akinira Power Dynamos wo mu Gihugu ca Zambia,yavuye mu Gihugu ca Zambia aca yigira mu Gihugu ca Tanzaniya mu murwi Geita Gold.

Inkuru yanditswe na Vincent Nkunzimana

What's your reaction?

Related Posts

1 of 683