homepage

Asaba ubufasha kugira amenye iyo abavukanyi biwe bibiri bagiye

Pitchen n’umuhinyanyuzi akongera akaba n’umuririmvyi w’indirimbo zininahaza Imana amazina yahawe n’abavyeyi ni Niyonkuru Samwel. Uyo muhinyanyuzi yatanguye ako kazi abifashijwemwo n’urusengero yasengeramwo bikaba vyaramworoheye kwiga ivyuma bitandukany, ubu akaba abikora nk’umwuga wiwe mugukorere indirimbo abaririmvyi batandukanye. Yarakoranye na Sal G,Mr champagne n’abandi.

Uyo muhinyanyuzi avukana n’abana 6 k’uruhande rwa Se ariko k’uruhande rwa Nyina bavukana ari 3 mugabo gushika ubu ntazi irengero ryabo bakuru biwe 2 bavukana kwa Nyina.
Pichen avugako batandukanye akiri muto cane afise imyaka 5 kuko Nyina yari yafashwe n’ingwara yo mu mutwe bituma adashobora kubandanya abarera abo bana, baca batwarwa na papa wabo ,gushika ubu amakuru afise n’uko baciye baja kuba I Gitega.

Haraciye hafi imyaka 30 atazi irengero ryabo, arasaba nyimba boba bakihari yuko bobimumenyesha bakabonana kuko yama ariko arabiyumvira.

Uyo muhinyanyuzi atangaza ko Nyina wabo yitwa Nimfasha Espérance akaba yaritavye Imana, kubokumva ko uwomuvyeyi bomumenya asaba ko bomufasha akabonana n’incuti.Pichen inzu yiwe y’ ubuhinyanyuzi isanzwe ikorera mu Nyakabiga ya 1 ibarabara rya 5 nomero 12 canke bamwakure Kuri 69662602/65052659.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 671