homepage

Ivyo Monia Fleur ahakana Péniel aravyemeza

Péniel Kamikazi asanzwe arongoye inzu y’ubuhinyanyuzi Mirire MAKERZ, aramaze gufasha abaririmvyi batari bake bagiye baramenyekana harimwo nka D- One, Aubin Lux, Monia Fleur n’abandi. Ku bwiwe aravuga neza yuko yabafasha ataco barinze kumuha, ivyo akaba yabisiguye mu kiganiro gica kuri Radio Indundi Culture citwa “Indundi hits show”.

Ivyo yabishikirije inyuma yo kumva ko umuririmvyikazi Monia Fleur atemera yuko hari ico yamufashije mw’iterambere ryiwe, ngo vyose yabifashwa na “team” yiwe akaba arinayo ashimira ko yamufashije. Ngo kuri studio ya Péniel, yagendayo akariha nk’abandi baririmvyi ntabufasha bamuhaye. Ivyo uwo muririmvyikazi akaba yarabishikirije nawe nyene mukiganiro Indundi hits show, ngo ntihagire abamwiyitirira mw’iterambere ryiwe .

“Natanguye gufasha Monia Fleur afise imyaka 16. Ntivyakunda ko tugirana amasezerano yanditse kuko yari akiri muto, ntibirekurirwa n’amategeko. Mugabo kumenyekana kwiwe, ni jewe nashizemwo inguvu kumusabira ibiganiro ku ma radiyo atandukanye, “team” yiwe niyo yaje kubinsaba nanje ndabibafasha.” Ivyo bishikirizwa na Péniel Kamikazi

Ukuri kurihe hagati yabo bantu babiri?
Ikizwi ni uko uwo muririmvyikazi ataramenyekana, indirimbo ziwe zatanguye gusohokera muri Mirire MAKERZ isanzwe irongowe na Péniel

Uwo muririmvyi akongera akaba n’umu “manager”, Péniel, ubu yemeza yuko afise abaririmvyi babiri gusa bariko barakorana muri Studio yiwe bafitaniye amasezerano, ngo ntikibuza ko abandanya afasha abandi baririmvyi n’aho benshi batibuka gushima ndetse bakanamwihakana, ariko ngo ntazocika intege

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 683