Burundihomepagekirundi

Ati uwufise intumbero y’ukurya ibiturire naje mu kizingwe abanze yiyuhagire yongere yiyugumure!

Isanamu y’umushikiranganji wa mbere wa Leta y’Uburundi, cpg Alain Guillaume BUNYONI

Mu majambo yashikirije, yaragarutse cane mu bikorwa vy’abarongozi, aho yerekanye inyifato nshasha zikwiye kubaranga. Aho anamenyesha ko igikwiye kuza imbere ya vyose ari amahoro n’umutekano kubera ariwo mushinge.

Yagize ati :” Inkware zisezerana mu maseza, kandi intango ya vyose n’ugutegura no gutunganya, hanyuma ukaja ku kivi kuvyo watunganije. Hariho ikintu ca mbere gihambaye n’Amahoro n’umutekano, nitugaruka hano, tuzovuge tuti,twari ku ntambwe iyi n’iyi ubu twarateye intambwe tuja imbere.

Ntiyaretse kandi no kwibutsa ko indongozi nyayo atari iyifise amashure y’umurengera, ahubwo ngo ico babitezeko n’ibikorwa n’iterambere.

“Twebwe nk’abavukakomine ba muha ntidukenera indongozi y’amashure menshi, y’ubugufi canke uburebure, y’inzobe canke umwirabure, dukenera indongozi ituzanira ibikorwa. Ibikorwa n’iterambere nivyo twiteze ku ndongozi, kugira tuje ku kivi. Tugwize umwimbu tugire ivyo turiya, n’ivyo tuziganya,n’ibindi dukuramwo amafaranga turonke iterambere.”

Uwo mutware yagarutse kandi ku ntwaro ibereye, aho agabisha abatanga n’abatora ibiturire, bakaboko n’ibinebwe ko ata kibanza bafise muri Leta mvyeyi. Ariko uwushoboye kwisubirako ngo agakorera abenegihugu, uwo bazofatanya urugendo.

“Mu ntwaro ibereye ndavuga ibintu bitatu bihambaye. Nimba hakirimwo abibaza yuko kugira akore ibikorwa vyiwe vyihute, canke aronke vyinshi gusumba ivyo yarakeneye, ashobora kugenda gufumbatisha umutegetsi, nagende hariya mu kizingwe canke mu kanyosha yiyuhagire yiyugumure acire, hanyuma agaruke atunganye neza, kugirango atekereze aje ku murongo akorere abenegihugu neza. Ba kaboko basesagura ubutunzi bw’igihugu, iyi ni “angakisho ya Mwisho”[inkebuzo ya nyuma] ku bantu bene abo. Hariho kandi ibinebwe ataco bihereza amaboko, nibo batumye uburundi budindira. Akazi kiwe kukaba ukuvuga amajambo menshi, kuvuga abandi n’ukurementanya, mugabo ibikorwa ugasanga ntana kimwe yahereje amaboko ukwezi kwose. Ibinebwe nimba badashoboye nimubashoboze mwebwe mubarongoye. Abatabishoboye bakananirwa basubirizwe n’abandi, kuko amaboko yo gusasura nayo arahari.”

CPG Alain Guillaume Bunyoni ntiyaretse kandi kugaruka ku bacamanza badashaka gutunganiriza abenegihugu, aho abibutsa ko ivyo bintu vyasezerewe. Ahubwo akabavunira akagohe ko abenegihugu bakeneye gutwarwa neza.

“Mu ntwaro ibereye, ubutungane butunganiriza bose. Ivy’uko umucamanza arugetura arenganije umuntu, wamukoma ngo je naruciye uko niwashaka uragwunguruza, ivyo twarabisezereye. Abenegihugu barakeneye kurongorwa neza kuko n’abakozi, tubahe rero urubuga rwo gukoreramwo neza batunganiwe batunganirizwe neza.”

Aha mukamenya ko amajambo agomba gusa nkaya ariyo nyakubahwa umukuru w’igihugu c’Uburundi yavugiye mu ntara ya Gitega aho nawe yari yifatanije n’abenegihugu bakomoka hamwe mu guhimbaza umusi mukuru w’amakomine.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764