Niyonzima Audace yahora aramutswa ubuyobozi bw’ikigo kijejwe gutororakanya amatagisi n’amakori OBR, yagenywe n’umukuru w’igihugu kuba icegera ca mbere c’uwurongoye ibanki nkuru y’igihugu BRB.
Nk’uko biri mw’itegeko ry’umukuru w’igihugu inomero 100/112 ryo kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 14 Ndamukiza umwaka w’2021, audance Niyonzima agiye kuba icegera ca mbere c’uwurongoye ibanki nkuru y’igihugu, premier vice-président du Gouverneur de la Banque de la République du Burundi, BRB mu kinyamazuru.