diaspora musickirundi

August Burundi, amazinda afise ngo ni ukumenya indirimbo abakunzi biwe bakunze

August Burundi ni umuririmvyi w’umurundi asanzwe akorera ibikorwa vyiwe muri Reta zunzubumwe za Amerika. N’ubwo bigoye gukora umuziki uri mu mahanga, August ari muri bamwe babishiramwo umwete.

Inyuma yo guhagarika kuririmba indirimbo z’inkundo n’ibindi agafata umwanzuro wo kuririmba indimbo zihayagiza Igihugu n’izininahaza Imana amaze kuduha indirimbo zitatu nazo zikaba ziri muri Album yemereye abakunzi biwe ko azoza arabasohorera indirimbo imwimwe.

Iyambere ni “Dukunde Uburundi”,  iya kabiri “Burundi uri mwiza”, iya gatatu nayo ni “iwacu ni heza” yaririmvye ari kumwe na Pierre Nkurikiye.

Acishije ku rubuga rwiwe yabanje gushimira abadahengeshanya kumukurikira yongera aranabasaba ko bomubwira indirimbo yiwe bakunze.

Musomyi mwiza nawe niyahe ndirimbo ya August Burundi wakunze?

What's your reaction?

Related Posts

1 of 459