Entertainmenthomepage

August Burundi ivyo yari yaranyegeje abishize ku mugaragaro

Vyatanguye tubona Irebe Company ihagarikira ibikorwa vya August mu Burundi basa nkabatumiwe kuri Radio na Télévision nkuru y’igihugu (RTNB)tugerageje kumenya ivyarivyo bavuze ko kwari ukwunga ubucuti hagati yabo ivyabo ubu bigeze hehe?

Akirekura amasanamu y’indirimbo Nyamwigendako ku ncuro ya mbere yatanguye kwerekanwa kuri RTNB kukaba nkako indirimbo ziwe nizo guhayagiza igihugu no guhamagarira abarundi gukorera i gihugu cabo.

Igikorwa cambere rero Irebe bagiye gukorana na Radio Télévision nkuru y’igihugu akiba ari” Festival Dukunde Uburundi”izoba igenekerezo rya 19 Myandagaro 2023 muri Arena Club
Ibitakiri ibanga nuko August Burundi ariho azoba yibereye avuye kuva muri Amerika.
Imirwi bazofashanya n’ abaririmvyi bazofasha guteramisha abantu ntarashima kuyishira ku mugaragaro
mubandanye mudukurikirana vyose tuzobimenyesha ngaha.

Nawe uramaze kubona amasanamu y’indirim ou yiwe aheruka gusohora Nyamwigendako? Wayabonye gute?

What's your reaction?

Related Posts

1 of 719