Entertainmentkirundi

August na management yiwe ivyo batwemereye vyahindutse

August Burundi abarizwa muri management” IREBE” umuririmvyi w’umurundi asanzwe akorera ibikorwa vyiwe muri Amerika ,Album yiwe Dukunde Uburundi igizwe n’indirimbo z’akaranga zihamagarira abarundi gukunda igihugu cabo.

 

Album yiwe Dukunde Uburundi abandanya ariko arasohora nubu ntituramenya indirimbo zizoba zigize iyo album.

Indirimbo yasohoye ubugira 5 yise “Nyamwigendako “yari yemereye abakunzi biwe yuko iyo ndirimbo agiye kuyikorera amasanam ikazoboneka muri Ruhuhuma.

Abicishije ku mbuga ngurukanabumenyi basavye imbabazi yuko iyo vidéo itakibonetse mukwezi kwa Ruhuhuma 2023 kubera ikirere kitameze neza muri Amerika aho asanzwaba rero ngo bishobotse Imana ikabafasha izoboneka mukwezi kwa Gatatu

Mukubandanya murindiriye amasanamu mugume muryoherwa n’indirimbo Nyamwigendako.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 550