Entertainmenthomepagekirundi

B-Face nawe yahambije bagenziwe mu rucuruzwa

Inyuma ya Bantu Bwoy Entertaiment, B Face nawe aza yamaze kwinjira mu rundadazwa

Inyuma yugukora ibikorwa bitandukanye vy’umuziki ndetse akanajabuka gukorana n’abandi baririmvyi bo mubihungu bitandukanye vyo muri kano karere duherereyemwo mu ntumbero yokwagura ibikorwa vyiwe n’izina ,umuririmvyi B-Face agiye kuza aragurisha impuzu zisazwe ziriko izina ry’iwe naho atarashobora kwerekana ikibanza azokoreramwo urwo rucuruzwa rw’impuzu ziwe ariko akaba yatanze i numero yagahamagazo uwoba aramutse ashaka kugura yobarizako bakamubwira uko azironka.

Mwomenya ko urwo rucuruzwa rugizwe nimipira hamwe n’inkofero mugihe abandi bamutanguriye bagurisha ibitandukanye nk’ibirato, inkofero, imipira isazwe hamwe n’iyimbeho canke amapantalo aba ariko amazina ya label yabo.

Ikindi nuko B-Face ariwe muririmvyi abaye uwa mbere kuruhande rw’abaririmvyi babikoze kuko abari bamaze kubikora bobo ari Label isazwe igizwe n’abaririmvyi batanu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769