BurundiEntertainmenthomepageIKIRUNDI_newskirundi

B Face rutumwako yavuze icamubereye intambamyi imbere yuko asirimuka

Imbere yuko Girukwishaka Boniface aba B Face ngo ntivyari vyoroshe na gatoya, kuko yaciye mu bibazo bitari bike. Birimwo n’ibijanye n’ukwimenya mu buzima bwa misi yose.

Mu kiyago yagiranye na Kaboss for real, uwo muririmvyi yavuze ko yavuze ko imbere yuko amenyekana yahinduye izina akitwa B Face ngo yagize ibibazo vy’ukwimenya akirihira inzu amashure yisumbuye yose, kandi ata muryang yarabuze kumuha ico yarakeneye.

Muri ico kiganiro, B Face yaravuze icatumye ashima kwimenya, yagize ati : “ Jewe ntarasirimuka ngo nitwe B Face, nagize ibibazo vyo kwiyigisha Secondaire yose, ata muntu numwe nsaba ikaye, ikaramu. Ni Decision y’umuhungu, kubera ntibisigura ko famille yose yobura ikaramu canke ikaye.”

Uwo muririmvyi yaganira na Jimbere Magazine mu kiganiro Hangout, akaba amaze imyaka itari mike atanguye kuririmba, kuko azwiko indirimb zitari nke zizwi yakoranye n’abaririmvyi bakomakomaye, bikanavugwa ko ari mu runganywe rumwe naba Yoya, naba Mkombozi, ariko imyaka amaze atanguye gukura umukate muri uwo mwuga ikaba iharuye ku ntoke.

Boniface ubu akaba ari rutumwako, n’abamaze imyaka batari mu muziki bashatse kugaruka mu muziki canke bagitangura bashaka kwumenyekanisha, bakaba banamwikorako ngo abafashe urwo rugamba rutoroshe.

B face akaba amaze gufata intumbero yo gusohora indirimbo nyinshi mu mwaka, mu gihe tuzi ko haraheze igihe ugusohora indirimbo nyinshi mu mwaka nticari ikintu cabonwa neza.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775