BurundiAkes DonEntertainmenthomepagekirundimusicPassport

B Face yita Dogo nyina amuvyara

Kwita Dogo B face ngo n’ibisanzwe kuko we n’abandi bitana uko, s’abo gusa kuko ngo na nyina amuvyara nawe nyene amwita Dogo.

Mu gihe agize igihe atumvikana n’abaririmvyi batari bake, B Face yavuze ko abantu bamwita Dogo abenshi muribo ngo ari ibikuri, ivyo ngo bikaba arivyo bibabaje muri vyose.

Nayo ku buryo abifata, ngo kuriwe n’ibisanzwe, kuko basanzwe bitana ba Dogo, aho akaba yanavuze ko n’umuvyeyi amuvyara, we amwita Dogo. Ivyo akaba aheruka kubishikirza aho yari umutumire muri Indundi Hit Show, ikiganiro ca Indundi Magazine gica kuri Radio Culture buri wa mbere n’uwa gatanu.

B Face muri ico kiganiro akaba yanagiriyeko avuga ko abaririmvyi ndundi batari bake berekana ibitandukanye n’ivyo baba bibaza ku muririmvyi mugenzi wabo. Aho akaba atanga akarorero ko umuririmvyi ashobora kuba atemera akaririmbo kawe ariko akagusaba Cover na Link ngo kugira ayimenyekanishe, ariko yasohoka akayivuga nabi.

B face akaba abishikirije inyuma yaho ashiriye ahabona akaririmbo yise Number Moja katabonywe rumwe n’abatari bake bayikurikiranye, barimwo n’abaririmvyi bagenziwe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 760