BurundihomepagekirundiPolitique

Ba Musitanteri baronkejwe ingendeshwa nshasha

Inyuma y’inama yagirishije ba buramatari hamwe na ba musitanteri bose ku murwa mukuru wa poritike i Gitega, Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye, kw’izina rya Reta ,yatanze imiduga mishasha kuri ba musitanteri b’amakomine bose.

Izo modokari zikazobafasha kurangura neza akazi kabo na cane cane gushikira abo bajejwe gutunganiriza.

Umukuru w’igihugu yaboneyeho kubahamagarira bose kubera inyishu abo barongoye, anabasaba kubungabunga izo ngendeshwa baronse.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764