BurundiEducationhomepagekirundi

Bafise impungenge ko imirimo ishobora gucumbagira muri Kaminuza y’Uburundi

Abakozi bo muri kaminuza y’Uburundi bahurikiye mu masendika SPEUB na SPATUB bavuga ko batewe impungenge n’uko imirimo ishobora gucumbagira muri iyo kaminuza. Imvo ngo ni ingingo iherutse gufatwa n’ubushikiranganji bw’ikigega ca Reta yo kwaka uturusho abakukuruke bo muri iyo kaminuza.

Mw’itangazo ryasohowe n’ayo masendika kuri uyu wa kabiri bavuga ko ubushikiranganji bwafashe iyo ngingo butayirekuriwe. Mu gihe itofutwa abakozi barabwa n’iyo ngingo bazobandanya basaba gutunganirizwa biciye mu nzira zose zishoboka zirekuwe n’amategeko harimwo n’uguhagarika imirimo.

Kw’igenekerezo rya 30 Nyakanga umushikiranganji w’indero n’ubushakashatsi yari yandikiye umushikiranganji wa mbere yerekana amakenga ku ngaruka mbi z’iyo ngingo mu gihe yoguma uko yari yafashwe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764