BurundiAyagezwehocultureculture_featureculture_promotehomepageIKIRUNDI_news

Bahawe igihano c’amezi 6 Batavuza ingoma

Inyuma y’aho umurwi w’abatimbo begukira umurwi ndangakaranga Amagaba bavugirije umurisho w’ingoma mu buryo bunyuranye n’imigirwa itandukanye ikorwa ku ngoma z’Uburundi, ubushikiranganji mu vyo bujejwe harimwo imico n’akaranga bwafashe ingingo yo guhagarika uwo murwi w’Amagaba ikiringo kingane n’amezi atandatu batavuza ingoma ndetse batitabira ibiteramo canke amahiganwa ndangakaranga.

Bakibona urwandiko ruriko iyo ngingo y’Ubushikiranganji, abarongoye uwo murwi Amagaba bamenyesheje ko bakiriye iyo ngingo kandi bemeye kuyubahiriza ata guhigimanga n’ubwo bemeza ko vyabashikiye batari babizi.

Tubibutse ko ku musi wa mbere, igenekerezo rya 7 Ruhuhuma uyu mwaka turimwo w’2022 i Bujumbura ahari haramutse hugururwa icese ihiganwa “Slam” risanzwe ritegurwa na “Buja sans tabous” ryari ritegekanijwe kuba kuva kuwa 7 gushaka kuwa 11 Ruhuhuma uwu mwaka, abavuza ingoma bahurikiye muri uwo murwi ndangakaranga “Amagâba” babonetse mu mwambaro udasanzwe umenyerewe mu murisho w’ingoma.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 703