homepage

Ubwo boba bariko basabirwa agafaranga, kuko babonye Natacha yahaye uwundi?

Ubwo ko natacha yahawe uwashizeko tatouage y’amazina yiwe ku mubiri amafaranga, n’abandi nabo boba bariko barasabirwa ngo bahabwe nabo? Canke bariko berekana ko hari n’abandi biyanditseko amazina y’ibindi bihangange.

Inyuma y’uwuheruka guhabwa amafaranga tutabashije kumenya igitigiri, co kimwe n’umwambaro wanditseko Natacha, kubera Tatouage yari yishizeko aho yaboneka yanditseko amazina atandukanye bakunze kwita Ngendabanka, ubu amashusho atandukanye y’abandi bantu biyanditseko amazina y’ibihangange abandanya.

Mu yagize imisi aboneka hirya no hino harimwo ay’abigeme biyanditseko ijambo “Mugani”, iryo rikaba ari iry’umuririmvyi akomeye wa hano iwacu, Big Fizzo. S’uwo gusa kuko hari n’abandi bitabuye bikomeye baboneka ko iryo zina ryanabaye inkovu kuribo.

Bikanavurwa ko naho bo batabishira ahabona hoba hari n’abaririmvyi boba bariyanditseko amazina ya bagenzi babo ku bihimba bitandukanye vy’umubiri. Muribo hakabamwo umuririmvyikazi ari umufana wa Lolilo kuva kera.

Bikaba bigoye kwemeza ko nabo canke abariko barashira izo shusho ku mbuga ngurukanabumenyi zitandukanye nabo boba bashaka gusabira abo biyanditseko ayo mazina agafaranga kuko babonye uwundi ahawe agafaranga. Canke aba ba fan b’abandi baririmvyi boba bashaka kwerekana ko hari n’abandi bari bariyanditseko amazina y’ibindi bihangange

What's your reaction?

Related Posts

1 of 671