Healthhomepagekirundi

Bakingira imbwa ibisazi mu ntumbero yo gukingira abantu.

Isekeza ryo gucandaga ku buntu imbwa, mu Kirundo ryakiriwe neza na cane cane mu ma komine ya Busoni, Vumbi, na Bwambarangwe.

ABUMVAC ishirahamwe ry’abaganga b’ibitungwa bakurikirana ibitungwa bigendana n’abantu baratunganije isekeza ryo gucandaga imbwa mu ntumbero yo guhimbaza umusi mukuru mpuzamakungu wahariwe kurwanya ibisazi vy’imbwa (Rage).

@ABMVAC Aborozi bacandagishije ibitungwa vyabo baronkejwe urupapuro ruvyemeza

Aborozi b’ivyo bitungwa barwiriyemwo n’abahigi bakaba aribo bafashe iya mbere mu kuza gucandagisha imbwa zabo.

Kw’igenekerezo rya 20/09/2022 niho iryo sekeza ryatanguzwa muri amwe mu makomune agize intara ya Kirundo, bamwe mu borozi b’ivyo bitungwa bayaze n’uruganda rwa Indundi TV bakaba bamenyesha ko ico gikorwa caje bagikeneye kuko ata mikoro bari bafise yo gucandagisha ivyo bitungwa.

Bongeye bamenyesha akamaro ivyo bitungwa bibafitiye, ngo kiretse ko bibararira , bibafasha mu kurondera canke guhiga inyama, ukwinonora imitsi, n’ibindi…

Dr Jean Claude Manirambona aserukira abo baganga, abanje gushimira amashirahamwe nka, Action for Protection of Animales Africa, Mission Rabbies yafashije kugira ico gikorwa kiranguke, atibagiye indongozi z’igihugu zafashije kugira ico gikorwa corohe, yamenyesheje ko izo ncanco batera imbwa ari mu ntumbero yo gukingira abantu, kuko ngo uwo mugera umaze kwandukira umuntu aba afise amahirwe make yo gukira.

Ico gikorwa kikazomara ikiringo c’imisi ibiri mu ntara ya Kirundo, gice kibandanya i Gitega, bakazogisozerera mu gisagara ca Bujumbura ahazobera ibirorori nyezina vyo guhimbaza uwo musi mukuru ndetse n’imbwa zo mu Gisagara zikazocandarwa ku buntu.

Mwomenya ko uwo musi mukuru uhimbazwa uko umwaka utashe bibuka umuhinga Louie Pasteur yavumbuye irya mbere urwo rucanco rwikwije mu gukinga iyo ngwara y’ibisazi vy’imbwa.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755