BurundiEntertainmentkirundi

Bantu Bwoy yagiye gushira umukono mu gitabo c’iteka cagenewe Petero Nkurunziza

Inyuma yo kugaragaza akababaro kiwe, Big Fizzo aciye ku rubuga ngurukana bumenyi rwiwe, biturutse ku rupfu  giturumbuka rw’umukuru w’igihugu Pierre Nkurunziza, kuri uno musi akaba yari yishikiye ku ngoro yitiriwe Ntare.Kuri uyu wambere igenekerezo rya 15 Ruheshi 2020, abagize umuryago wose wa Bantu Bwoy usazwe urongowe na Big Fizzo wishikiye ku ngoro yitiriwe Ntare mu gushira umukono mu gitabo c’iteka cagenewe Prezida Petero Nkurunziza yahoze ari umukuru w’igihugu cacu, ndetse no ku mwunamira ubwanyuma.

Big Fizzo akaba yaheruka kuramukanya na Nyakwigendera umukuru w’igihugu igihe hari inyigisho zahabwa urwaruka mu ntumbero yo kurukundisha igihugu, zatangiwe kuri Lycée Nyakabiga aho yanaboneho n’akaryo bakifotozanya inyuma y’inyigisho.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 583