Burundihomepagekirundi

Baragabe kuko ayo babitse araba ibikaratasi

Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye ngo abantu babitse amafaranga muzu baraba maso, kuko hari umusi bazokwikangura ayo babitse asigaye ari ibipapuro. Ivyo uwo mutegetsi yabivugiye mw’ihuriro ry’abikorera ” Umuzinga Day”.

Mw’ijambo uwo mwubahwa yashikirije, yavuze ko kimwe mu bituma amafaranga ataboneka aruko Hari abayabitse mu mazu banka kuyashira mu ma bank ngo abafise imigambi babashe gukora. Abo nabo ngo bakaba bari mu gitigiri c’abatuma igihugu kiguma gikena.

Uwo mutware akavuga ko azi igituma bayabitse muri yo mazu, Kandi ko azi n’uburyo bwo kuzoyakurayo. Imvo ituma ayo mafaranga abikwa mu mazu, Evariste ndayishimiye avuga ko ari kugira bahunge gutanga amakori, kuko aba yaciye Kuma Compte atariko amazina y’abo, noneho bakabikuza bagashira mu mazu.

Nyakubahwa akaba yagabishije abo bose babitse ayo mafaranga mu mazu, ko boraba bakayashira muma Bank ataruko ngo bazovyuka umusi umwe bisange ayo mafaranga yabaye impapuro.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764