Burundigroups-at-messagekirundiSport

Barategekanya gusozera ihiganwa mw’ishirahamwe rya volley ball

Mu mpera zino ndwi niho hazoserwa ihiganwa muri volleyball nkuko Innocent Iradukunda arongoye ubuhinga mw’ishirahamwe rya volley ball i bujumbura yabimenyesheje.Ikibuga ca parquet nico kizokwakira ihiganwa kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 4 Mukakaro 2020 hama urukino rwa nyuma rukinwe kw’igenekerezo rya 5 Mukakaro .

Igice ca kabiri gishira icanyuma kizokinwa ku wa gatandatu
Mu gice ca kabiri mu bagabo hazokina Amical na Bisoro isaha zitandatu hakurikire Rukinzo na Gacosmos isaha indwi n’iminota 30.

Mu bakenyezi naho uwo musi nyene Muzinga izotana mu mitwe na Les As isaha zitanu hakurikire GLC na Panthers .

Mwomenya ko ico kibuga nyene kizokwakira urukino rwa nyuma kw’igenekerezo rya 5 Mukakaro 2020.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 513