BurundiCooperationDiplomacyhomepagekirundiPolitique

Basaba ikiringo bahawe na Reta co kwugara ko cokwongerezwa

Ishiramwe mpuzamakungu ONU risaba ko ikiringo catanzwe na Reta y’Uburundi ngo habe hugawe ibiro vy’intumwa idasanzwe y’umunyamabanga mukuru w’iryo shirahamwe congerezwa.

Vyashikirijwe n’umuvugizi w’umukuru w’igihugu, Jean Claude Karerwa  inyuma y’umubonano intumwa idasanzwe ya ONU yagiranye n’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye.

Jean Claude Karerwa amenyesha kandi ko abo bategetsi baganiriye no ku kijanye n’ukuntu abaronderwa n’ubutungane bari mu gihugu c’Urwanda bocirirwa urubanza. Kuri ivyo, harategekanijwe umubonano hagati y’abashikiranganji b’ubutungane b’Urwanda n’Uburundi mu kwezi kwa Kigarama kuza.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 768