homepageIndundi Cinema

John Kay yipfuza gushikana kure igisata c’ireresi mu Burundi

Umurundi aba hanze John Kay, ubu ariko arafasha abatari bake bakorera mu gisata c’ireresi kugira impano zabo zishike kure.

John Kay n’umurundi asanzwe aba muri  Australia, Yakoze ireresi « Cop’s Enemy », Yateguye umugambi wo gufasha no guteza imbere impano ziri mu Burundi mu gisata c’ireresi. Gushika ubu, aramaze gufasha abakinyi 3 ba sinema yatanguye kumenyekanisha. Ubu abo bakinyi bakaba bageze ku intambwe ishimishije kubwiwe.
Murabo harimwo umu umukinyi aherutse gukora ireresi iri muri festival mu gihugu c’Ububirigi yitwa Smash Finnegan, Na khaila Keza Umurundikazi akongera akaba umukinyi wa sinema, Na Bakame comedien.

Ubu naho Yasize ahagaragara firime ya Professeur azwi nka Kaposho, Umukinyi afise impano yisangije. Iyo reresi yiswe _A Boy From Ruyigi_ yerekeye umuhungu avuka mu ntara ya Ruyigi, agenda kwiga i Bujumbura, Umuryango wiwe wagirizwa kuroga, baca mungorane nyinshi cane, uwo muhungu aca ahabwa indaro na Professor yamwigisha ariwe Kaposho. Uwo muhungu aho yokize ingorane, aba yinjiye muzindi za Professeur na Madame Wiwe. Umuriro uba uradutse .Iyo reresi ubu iri kuri youtube

What's your reaction?

Related Posts

1 of 672