Burundihomepagekirundi

Basaba Reta gushiraho amategeko mperekeza

Urunani mpuzamasendika COSYBU, rusaba Reta y’Uburundi gushiraho amategeko mperekeza y’umugambi wo gushigikira abakukuruke.

Biri mw’ijambo uwurongoye urwo runani mpuzamasendika Célestin Nsavyimana yashikiririje i Buganda mu ntara ya Cibitoke ahahimbarijwe umunsi mukuru w’abakozi n’akazi, ibirori vyari vyitabwe n’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye ari kumwe n’umutambukanyi wiwe.

Célestin Nsavyimana asaba kandi abakozi baserukira abandi birukanywe mu buzi bazize imanza, bosubizwa mu buzi bwabo mu gihe bazoba batsinze izo manza.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764