BurundihomepagekirundiSécurité alimentairesociete

Basaba Reta n’abagiraneza kubagarukirako

Abanyagihugu bari muri site y’impunzi ya Kigarangamango ngo bamerewe nabi kuva bahungiye muri iyo site, hararenze amezi atanu.

Bimwe mu bihanze abo banyagihugu bahungiye muri iyo site ngo harimwo ubukene bw’amahema n’ibifungurwa.

Intanduruko yo guhungira muri site ya Kigaramango ni imyuzure yabateye mu mihana yabo aho bahora baba muri zone Gatumba komine Mutimbuzi intara ya Bujumbura, hari mu kwezi kwa Rusama uwu mwaka.

Abo banyagihugu bavuga ko imvura iguye barara bahagaze nayo inzara ikaba ngo ibagejeje habi. Basaba Reta n’abagiraneza kubagarukurako amazi atararenga inkombe.

Umukuru w’iyo site Nyandwi Augustin aremeza ko abo bantu bamerewe nabi kubera inzara n’amahema yashaje.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 765