BurundiDevelopmenthomepagekirundisociete

Basaba Reta yo muvyeyi basigaranye kubafasha nabo batere imbere

Ishirahamwe ry’abapfakazi n’impfumvyi baharanira agateka kabo AVOD basaba ko Reta yobafasha bimwe biboneka kugira batere imbere.

Biri mw’itangazo iryo shirahamwe ryashize ahabona kuri uno wa kabiri, igenekerezo ra 20 Gitugutu umwaka w’2020.

Uwurongoye iryo shirahamwe AVOD, umupfasoni Adèle Ahishakiye asaba kandi umugwi ujejwe kumenya ukuri no kunywanisha abarundi CVR gukora amatohoza yimbitse kugira haboneke umuco kubwicanyi bwabaye muri kahise.

Ni mugihe kuwa 21 Gitugutu 2020 bazokwibuka imyaka 27 iheze hagandaguwe bunyamaswa incungu ya demokarasi, Perezida Melchior Ndadaye.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769