BurundiHealthhomepageIKIRUNDI_newsSanté

Basaba Reta y’Uburundi kubagabaniriza amafaranga barihishwa

Bamwe mu barundi n’abakongomani binjira mu Burundi canke mu gihugu ca Repubirika iharanira intwaro rusangi ya Congo, basaba ko amahera yo kwipimisha umugera wa koronavirisi yashinzwe na Reta y’Uburundi ko yogabanywa.

Bamwe muri abo bakaba basanzwe bakora urudandazwa ndengambibe bavuga ko amadorari 30 ku munyamahanga n’ibihumbi 15 ku murundi ari amafaranga menshi.

Thaddée Ndikumana, umushikiranganji ajejwe kubungabunga amagara y’abantu no kurwanya Sida ari nawe avugira umurwi w’igihugu ujejwe kurwanya ikiza ca kronavirisi avuga ko ayo mafaranga yashinzwe n’uyo murwi kuko ibipimo hamwe n’imiti bakoresha mu gupima no kuvura abo bantu bizimvye, akamenyesha ariko ko agiye gushikiriza uyo mwitwarariko w’abo bantu uyo murwi kugira wige ibijanye n’ivyo biciro.

Mwomenya ko kugera isaha zitandatu zo kumusi wa kabiri uheze, abantu barenga mirongo umunani bari bamaze gupimwa kuri urwo rubibe rwa Gatumba rugabura Uburundi na Repubirika iharanira intwaro rusangi ya Congo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 718