homepagekirundi_Sports

Basketball: Abakinyi beza bo mu Burundi baraye batanguye imyimenyerezo yo kwitegurira abo mu Rwanda

Abakinyi beza ba Basketball mu Burundi baraye batanguye imyimenyerezo ya mbere yo kwitegurira abakinyi beza ba basketball bo mu Rwanda .

Hari kuri uyu wa kane igenekerezo rya 30 Munyonyo 2023 neza neza igihe c’isaha 11 z’umugoroba ku kibuga Département des Sports kiri i Bujumbura , aho abakinyi beza bo mu Burundi baranze Ihiganwa rya Basketball batangura imyimenyerezo yo kwitegurira bagenzi babo bo mu gihugu c’Urwanda .

Iyo myimenyerezo ikaba yari yitabiriwe n’abakinyi 10 haburamwo abakinyi babiri abo nabo ni 𝐑𝐢𝐜𝐡𝐚𝐫𝐝 Ndikuriyo hamwe na Nijimbere Guibert .

Apôtre Jean Paul Manirakiza nawe arongoye ishirahamwe ry’urukino rw’amaboko mu Burundi ( Febabu) yaronse akaryo ko kuyaga n’abakinyi mu ntumbero yo kubibutsa intumbero y’izo nkino , aho yabasavye guzitsinda zose .

Ku ruhande rw’abakinyi naho, Bryan Kavakure nawe aronse akaryo ko gufata ijambo yashimye ingene imyiteguro iriko iragenda aca yizeza uburongozi bwa Febabu Intsinzi.

Otobo Israel nawe yaragize ico ashikirije mu kuvuga ko bazokwitanga uko bashoboye kugira bashike ku ntsinzi .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 822