homepagekirundi

Bazotakaza ka gaharama ko bari Verified canke?

Big Fizzo na Sat-b bashobora gutangura kurihishwa na Meta 100,000 buri kwezi kugira babashe kuguma bari Verified Kuri Instagram na Facebook.

 

Urubuga rwa Facebook na Instagram rugiye gutangura kurihisha abantu basanzwe bari verified Kuri izo mbuga, aho bazohora batanga amahera arenga gato 45,000 fbu kugira babashe kugumana ako kamenyetso.

 

Abakoresha urwo rubuga bakaba ngo bazosabwa gukoresha amazina yabo y’ukuri apana amatazirano ” nka Big Fizzo akazoca yitwa Mugami Desire”, igituma ngo nuko bazorabira ku mpapuro zimuranga azoba yerekanye mu gusaba [ Kuri Bashasha].

Nta bintu bishasha bazohabwa abazoriha ayo mafaranga, nkuko vyabonetse Kuri Twitter, kuko bo baha abariha ayarenga Gato 24,000fbu ku kwezi ubushobozi bwo gukoresha ibindi bintu abantu basanzwe batagira.

Hano iwacu, abaririmvyi bamwe bamwe nka Big Fizzo, Sat-B, Mista Champagne, Mkombozi, Natacha n’abandi, bakaba bamaze kuronka Verification ku mbuga bakoresha. bamwe zikaba ari zose, abandi ikaba ari imwe gusa.

Naho batanguriye mu gihugu ca Australie na New Zealand, mu gihe ca Vuba, n’ibindi bihugu bikaba bizoca bishikirwa ngo hatangure gutangishwa ayo mafaranga ku kwezi ku kwezi.

Uwuri Verified Kuri Instagram na Facebook nka Big Fizzo na Sat-b bakaba bazoza barihishwa ayababa 100,000 fbu buri kwezi kugira bagume bari Verified Kuri izo mbuga.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755