BDUSAAlbinosDiaspora Organizationsfeatured diasporakirundi

BDUSA niyo yatowe ngo itunganye ihuriro mpuzamakungu y’ama diaspora y’abarundi baba mu mahaga

Ubwenge ,ubukerebusi, ubwira, n’uburongozi bwa Sammuel kumwe n’abanwanyi ba  BDUSA nivyo vyagomwe ishirahamwe ngo ritunganye ihuriro mpuzamakungu ry’abarundi baba mu mahanga (Conferance internationale de la diaspora burundaise)


Mu kiganiro “umuco” gica kuri Indundi radio co kur’uwu wa 12 mukakaro(07), niho hatangiwe umuco kuvyo iryo shirahamwe ryagomwe kugira ritunganye iryo koraniro ridasanzwe, abatumire bakaba bari umupfasoni Rose Mystique Havyarimana umwe mu bagize urwego nshingwantwaro muri Diaspora y’abarundi kw’isi yose kumwe na Elam Kaduha arongoye igisata c’amashiramwe y’abarundi baba mu mahanga Diaspora.

Mw’ijambo ryiwe Kaduha akaba yamenyesheje ko “ubushobozi” arico catumye bahitamwo BDUSA mu mashirahamwe menshi atari make kw’isi yose.
Kuruhande rwa BDUSA umupfasoni Daphrose Niyonkuru akamenyesha ko ari akanyamuneza kadasanzwe kubona batowe muri benshi, bakanamenyesha ko nobo bazokwakira neza abo bashitsi nkuko basanzwe ari abapfasoni ndetse n’abashingantahe bamenyereye kwakira bashishitsi.
Kuruhande rwiwe Rose Mystique amenyesha ko baravye ubukerebutsi n’ubwira bwa BDUSA ata nkeka ico gikorwa kizogenda neza.
Mu ntumbero yo kwitegurira urwo rubanza mw’ishirahamwe BDUSA bakaba baciye batumako inama rukokomwa yo kwisuganya no kwitegura kwakira bashitsi(l’assemblee generale extraordinaire) yo kw’igenekerezo rya 25 gushika kuri 26 Mukakaro(07).

Mwomenya ko ayo makoraniro yatanguranye n’umwaka wa 2008, 2009 Norvege, mu gihugu c’u Bubiligi, mu mwaka wa 2012 ribera hano iwacu ari naho hatorewe indongozi , mu mwaka wa 2013 muri Norvege, inyuma yaho rikaba rigiye kubera ku mugabane wa America rihagarikiwe na BDUSA.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 468