BDUSADiasporaIKIRUNDI_news

#BDUSA| Samuel Ndayiragije yaramaze kumenya umwansi w’Ubumwe n’ Amajambere

Inyuma yitunganywa ry’amatora adakumira, ishirahamwe rihurikiyemwo abarundi benshi baba ku mu gabane wa America BDUSA ryahavuye rusubizwa ubuserukizi bwo kurongora abarundi baba muri America.

 

Mu gihe hasigaye ikiringo c ‘ukwezi kumwe kurenga gato ngo abarundi baba mu mahanga baze mu ndwi yabahariwe mu gihugu c’amavukiro.

Iyo ndwi izotangura mu mpera z’ukwezi kwa mukakaro(7) iriko itegurwa n’Ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu aho hitezwe abarundi barikumwe n’abanyamitahe b’abanyamahanga dukunze kwita icuti z’Uburundi barenga 2000 mu gisagara ca Bujumbura ndetse no mu gigugu hagati.
Ni muri kino gihe mw’ishirahamwe BDUSA nabo bitezwe i Bujumbura hasubiriye kwibonekeza ukutavuga rumwe, bamwe bagiriza umurongozi Samuel Ndayiragije yatowe ko yiyitirira uburongozi bwa Diaspora muri America.

Uwo murwi ndetse wemeza ko uri mu butungane witwariye iyo ndongozi yabo waranasohoye icegeranyo co guterako umukono(petition), kugira biyamirize ico bise Amanyanga ariko akorwa na Samuel.

Uruganda rwa Indundi Magazine rubajije Samuel yishuye amenyesha ko ivyo yamaze kumenya ababikora ko atakindi baba bagamije atari ugucafuza BDUSA no kuyiburabuza mu
bikorwa vy’iterambere vyayo.
Samuel akaba atatevye mu guca nawe asohora itangazo ryihuse aho yagize ati:”Umwansi w’Ubumwe n’Amajambere ni uwirukanga ku bari ku kivi, aho kwirukanga ku binebwe.”
Anagirako amenyesha abanwanyi ba BDUSA ko batobasamaza, bobihoza bakabakurako agashambara ariko amaherezo yavyo ari uko bazovyicuza.

Mwomenya ko BDUSA ari ishirahamwe ubona ko rihagaze neza muri Diaspora ndundi yaba ku migambi, ndetse n abanywanyi.
Nayo ari nkahamwe ritosubira mu bibazo vy’inryane z’ indongozi rishobora gukora ibikomeye igihu n’amakungu akabimenya.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 42