Entertainmenthomepage

Big Fizzo aravyemeje vuba ngo agiye gukinana Comédie na Gasore

Mugani Désire murikino gihe abamukurikirana ku mbuga ziwe akoresha batwenga imbavu zikuma, nubwo bitabonwa kumwe n’abamukurikirana bose

Ivyo akaba abikora nkotu vidéo dutwenza canke amajambo yandika atwenza ubu hoho haje kandundura

Yanditse agira ati:”Urukundo iyari rushasha ninka paradizo hari abaca bateranya amazina yabo ngo

Grégoire+ Nadège = Grenade
Sarah +Tony=Satan

Hari abagiye bamushimira ukuntu abatwengeje abandi ngo Award iheruka gutangwa na Ajc k’umu comédien yagiye hatariho bari kuyiha Fizzo.
Tubibutse ko ako gashimwe katahanye Mutima le comédien.

Uwitwa Ramarotti thewonderkid wewe yaciye amufataniriza amazina yiwe iryikirundi we n’umugore nayo akaba ari
Kimana+ Mugani havuyemwo izina “Kimuga” ivyo vyanse ko Fizzo yihangana yaciye agaruka kuri comentaire ashirako utumenyetso twinshi twogutwenga😂😂😂

Guillaume Bahima wewe yamukeje aranemeza yuko ari umu memeur wa mbere yongera aranamusaba kuzorondera Gasore kugira bakinane .

Big Fizzo yagarutse kuriyo comentaire aramwishura ati”vuba”

Hari n’abagarutse baramubwira bati umuziki wamunaniye none agira yirukire muvyo gutwenza ngo naveyo simukibuga ciwe arekere akazi beneko

Nubwo bir’uko urumva KO wewe yamaze kuvyemeza KO ashoboye kubikora .

Musomyi mwiza wewe ugerageje ku mukurikana Big Fizzo uretse Impano yokuririmba hari iyindi yogutwenza ubona yinyegeje muriwe?

What's your reaction?

Related Posts

1 of 708