abakinyi bakina hanzefootballhomepageintamba murugambakirundi_Sports

# Indundi Sports | Etienne Ndayiragije ngo Intamba si umurwi w’umukinyi umwe ni uw’igihugu cose

Umumenyereza w’Intamba mu rugamba Etienne Ndayiragije ngo ntibagendera kuri kahise .

Hari kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya 27 Rusama 2023 Isaha zitandatu ( 12h00) ku kigo c’Ishirahamwe ry’Umupira w’amaguru mu Burundi FFB aho umumenyereza mukuru w’umurwi nserukira gihugu Intamba mu rugamba Etienne Ndayiragije yashira ahabona urutonde rw’abakinyi 29 azokwifashisha mu rukino rwo kurondera itike rya CAN 2024 rizobera muri Côté d’Ivoire ruzobahuza na Namibia igenekerezo rya 20 Ruheshi 2023 ku kibuga  Mukapa kiri mu gisagara ca Dar Es Salaam muri Tanzania .

Mu rutonde yaraye ashize ahanona haburamwo amazina akomeye nka Ntibazonkiza Saidi , Cedric Amissi , Nsabiyumva Frédéric hamwe na Mohammed Amissi .

Abajijwe impamvu atatumyeko abo bakinyi yavuze ko umurwi nserukira gihugu atari umurwi w’umukinyi ari umurwi w’igihugu kandi w’abarundi bose .

Urutonde rw’abakinyi Etienne Ndayiragije yatumyeko akaba ari uru rukurikira :

Abanyegori :

▪️Ndikumana Justin
▪️Mutombo Fabien
▪️Onesime Rukundo
▪️Bizimana Aladin

Abakinyi b’inyuma :

▪️Ndayishimiye Youssouf Nyange
▪️Christophe Nduwarugira
▪️Derrick Mukombozi
▪️Harerimana Rashid Léon
▪️Nshimirimana David
▪️Marco Weymans
▪️Nshimirimana Ismail Pitchou
▪️Muhindo Collins

Abakinyi bo hagati :

▪️Nshimirimana Jospin
▪️Jordi Liongola
▪️Musore Aaron
▪️Bigirimana Abedi
▪️Mvuyekure Emmanuel
▪️Nahimana Shassir
▪️Irakoze Donasiyano
▪️Girumugisha Jean Claude

Abasatirizi :

▪️Niyongabire Pacifique
▪️Bimenyimana Bonfils Caleb
▪️Hussein Tchabalala
▪️Saido Berahino
▪️Kanakimana Bienvenue
▪️ B. Richard
▪️Crispaldinho

What's your reaction?

Related Posts

1 of 836