Burundihomepage

Aba Stylist b’abarundi, Alvin Smith avuze ngo bamurihe

Alvin Smith arahumaganye, ngo ntakeneye ko abantu bagurisha impuzu bakoresha amafoto yiwe Ku mbugahwaniro bakoresha, bavuga ko ariho yaguriye izo mpuzu.

Uwo muririmvyi avuga ko igituma ngo ari uko aba yabarishe amafaranga, ngo igihe baba bashaka ko bakoresha izo FOTO ziwe, ngo bazoze bazimuhere ubuntu kuko aba yabarishe.

Ayo majambo uwo muririmvyi akaba yayanditse ku rubuga rwiwe rwa Twitter, amajambo yahavuye avugwamo ayatari make na bamwe mu babashije kubibona.
Yanditse agira ati :” Remarque kuba Styliste b’abarundi. N.B: “Uzi ko impuzu nayikuguriye, Plz, ntuposte FOTO ndayambaye ngo ni wewe wantambitse, kuko mba nayiguze. Plz ntuzonsabe ngo ndagutaginge Kandi uzi ko naguhaye amafaranga, kugira umpe izo mpuzu. Ushaka ko babimenya ko ariwe wazimpaye, urazimpa Kwa gusa.”

Ayo majambo asa n’ayakomeye, rikaba ribaye irya mbere abikora, ariko Kandi akaba yatomoye neza ko ivyo abibwiye abarundi gusa, bisigura ko abanyamahanga bafise uko bazoba babiganiriye, kugira abashe gukoresha ama FOTO yiwe.
Bamwe mu babibonye bamushigikiye, bavuga ko nawe kurya aba yabahaye amafaranga, ngo bazoze bamuha amafaranga kugira babashe gukoresha FOTO ziwe.
Abandi nabo barenza ngaho ngo kumuha Kwa gusa ntibihagije, ngo ahubwo borenzako bakanamuhemba, kuko ngo kumenyekanisha ibidandazwa birarihwa.
Abandi n’abo bakaba bamumenyesheje ko ivyo ari Ibisanzwe, kuko ngo ivyo ni nka kurya bakora partage nawe y’ibikorwa vyiwe, canke zirya Likes, ngo umutima mwiza ntiwica.
Mu bagize ico bavuga kuri iyo Post, abavuze bamushigikira akaba aribo yishuye gusa, abo batahuje, akaba atawe yabashije kwishura.
Ibi abishikirije mu gihe bizwi ko asanzwe ari Brand ambassador wa Tuguma Boutique, imwe mumazu asanzwe adandaza impuzu z’imipira baba basanzwe bikorera. Uwo Mugabo akaba amaze nawe nyene kuhadandariza imipira itari mike.
Ubu rero nta wuzi ibizoheza ngo bikurikire, kuko ako kantu kuvuga ko ari naka yamwambitse vyo bikaba arivyo vyeze cane.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 701