Entertainmenthomepagekirundi

Big Fizzo ivyo akoreye Sat-B bisize ubwenge

Igihe kirekire hasabwa urukundo ko arirwo rwoboneka mu muziki ndundi bamwe bati biriko biraza igisigaye n’uko vyokorerwa ahabonwa na bose, bikaba bibaye inyuma yuko Big Fizzo ashize kuri Statut indirimbo irimwo Sat-B ivyo abatari bake bipfuza kubona kuva kera.

Big Fizzo aciye kuri statut ashirako indirimbo iheruka gusohoka y’umuririmvyi Mt Number One barikumwe na Sat-B indirimbo bise One day, ababibonye bati ni intambwe nziza itanga icinzere c’ukwerekana urukundo mubaririmvyi bose ariko ngo igisigaye nuko bobishira ahabonwa na bose.

Ngo vyokorwa nk’uko abasanzwe batwarwa nabo kurya babikora kuri bose ataburyarya bakabikora kumugaragaro mukwerekana urukundo bafitaniye hagati yabo ese n’ababarongoye bobandanya kubikora nkabo batwara vyoza kungura ikintu kimeze neza.

Aha turagaruka ku majambo amwe amwe abari muriyo miryango yabo ivyo bipfuza kuva kera biriko biratangura gutora umurongo ubu inyuma y’ukubona umwe ashigikira igikorwa kirimwo uwundi wo kurundi ruhande.

Bain Turo kuva mu muryango wa Empire Avenue ati:

“Uyu musi je nka Bain Turo sinipfuza gukurira murwanko rwubatswe n’abadukuriye, aho bari bantege yompi ico jewe nipfuza n’urukundo kandi tukarusangira n’umwumwe wese tukumva ko ikigomba kuja imbere ari inyungu z’igihugu atari inyungu z’umuririmvyi umwe kugatwe kiwe.
Kukijanye nama Label naco nomenyesha abantu ko ubutandukane bwacu arizo nyungu zacu, turabe rero ntitubukoreshe mukwisamburirako yamara tubukoreshe mukwubaka impande zose maze ivyacu bije imbere.”

Kirikou Akili kuva muri Bantu Bwoy nawe ati:

Ntugacire urubanza i photo ukurikije i cadre irimwo. Abagabo bose sibamwe , vyoba vyiza twubatse ibiraro biduhuza hakwubaka ibihome bidutandukanya!!!

Ivyo nk’uko mubibona bikaba vyari ivyipfuzo vya bamwe mubasazwe bari bahurikiye muriyo miryango aho babishikiriza mugihe haba habaye ukutumvikana kw’izo mpande zibiri zirongowe n’abaririmvyi bafise izina muri kino gihugu cacu  bivurwako imigenderanire yabo atari myiza kandi igaca ituma umuziki ndundi udashobora gutera imbere kubw’indyane zabo bantu babiri.

Mwomenya ko bibaye inyuma y’abasanzwe bari mu miryango yabo aribo Belle9ice, Miss Erica; Drama T na Kirikou Akili babikora kumbuga nka zose ku mugaragaro mugushigikirana umwe yasohoye indirimbo abandi ku rundi ruhande bakamushigikira mukwerekana urukundo bafitaniye bataravye ngo bari mu muryango(Label) kanaka.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769