BurundiEntertainmentkirundi

Big Fizzo mu nzira yo kwakira agakiza kadasanzwe

Biciye k’umutambukanyi wiwe, Fariouz ngo agiye gutera imbere bidanzwe, hadasizwe inyuma gukizwa no gukorera Imana.


Umuririmvyi rurangiranwa wa hano iwacu Mugani Desirer azwi kw’izina rya Big Fizo, yahanuriwe ibidasanzwe, ivyatanganje abantu batari bake bariko bakurikira umukozi w’Imana azwi kw’izina rya Ambassador Prophet Modeste.

Mu kiganiro c’amasengesho, ubuhanuzi, ndetse n’ibitangaza gisanzwe gikorwa n’umuhanuzi azwi kw’izina rya Prophete Modeste co kur’uwu wa 17 Mukakaro(07) 2020 ku rubuga ngurukanabumenyi facebook, niho humvikanyemwo ubwambere izina Fizzo avurwa ku bidasanzwe.
Mugani akaba yavuzweko agakiza no gukorera Imana, bifadikanije no kuririmba indirimbo zihayagiza Imana (Gospel), biherekezwa n’iterambere ridasanzwe.
Desirer akaba yahawe ikimenyetso nuwo mu kozi w’Imana ko agiye kuvyara umwana w’umuhungu, kandi ko Imana ariyo izomwifashiriza muriryo hinduka agiye kwinjiramwo.
Uwo muririmvyi akaba akurikiye uwundi yarazwi kw’izina rya Sugu Jay, y’akiriye agakiza yitwa yitwa New Jay, mu nyuma aza kuba umukozi w’Imana yuzuye yitwa Prophete Joshua, akari inyuama karahinda n’umurimvyi Sat B akaba nawe ari inyuma  akazokwakira agakiza nk’uko vyashikirijwe nuwo muhnuzi nyene.

Mushobora gukurikira mu majwi y’uwo muhanuzi hano musi

What's your reaction?

Related Posts

1 of 583