BurundiBi Fizzodiaspora musickirundi

Big fizzo na Mkombozi m’umunezero udasanzwe

Ngo ibidahura kandi vyegeranye n’amatwi gusa n’ayabantu barahura.

 

Iryo niryo jambo ry’umutwe mu majambo yashikirijwe na Mkombozi kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 21 Ntwarante aho kuvyaruzanya hagati yiwe na Big Fizzo vyari bisubiriye kuronka inzira inyuma y’igihe kitari gito.

Abacishije ku rubuga ngurukana bumenyi rwa Facebook yiwe, Mkombozi yagaragaje umunezero wiwe kubona asubiriye
guhura nuwo basangiye umuvukano ndetse n ’umuziki.

Uwo afata nka mu kuruwe, ndetse bakaba baranaririmbanye mu ndirimbo yabiciye bigacika ari nayo yatumye Mkombozi amenyekana ’’ zawadi ya Mwaka’.

Iryo hura ry’abo baririmvyi ntibagiranwa mu muziki ndundi rikaba ribaye mu gihe Big fizzo ubu ari mu gihugu ca Tanzania aho yagiye gukina ireresi rizomuhuza n’ ibihangange nka awilo longomba ,Akon nabandi…… ,nayo Nkombozi akaba ariko arangurira ibikorwa vyiwe muri ico gihugu nyene.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 503