EntertainmenthomepageIKIRUNDI_newskirundiUncategorized

Big Fizzo na Mr Champagne bagiye gukorerwa indirimbo na Saido ntibazonkiza

Mu kiganiro cabaye ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 9 Ndamukiza 2022 kuri Instagram ya Mr Champagne yari yatumiye Big fizzo mu kiyago.

 

Yarahaye n’akanya aba fans babo bagire ico babajije,
bimwe mu bibazo yagiye arishura harimwo no kuvyerekeye iterambere ry’umuziki ndundi.

Big Fizzo yavuze ko icambere abaririmvyi bo kuribo badukundana, ikindi ngo inzara bafise batazi kuyihanganira.

Akarorero yatanze ngo ni uko hari umuririmvyi atashimye kuvuga izina yahamagawe n’ishirahamwe rihingura ibinyobwa Brarundi amafaranga yari yabasavye kugira bakorane bari bayemeye, ariko uwo muririmvyi aca aramuzunguruka agenda gusaba ayari musi yayo bavuganye aremera wewe kuyakorera.

Rero impanuro yatanze ngo nuko mu gihe bakicemera gukorera amahera make Ibikorwa vyabo atawuzobiha agaciro
akagira ati:”Twige gusonza tukigumya kugira dushike kuri za ndoto zacu.” ayo n’amajambo ya Mugani Désire.

Muri ico kiyago nyene Saido Ntibazonkiza nawe yaciye atelefona baramwakira mu majambo nawe yavuze yarashimikiye cane kw’ijambo ryo kumenya ico urico iyo amashirahamwe akomakomeye yashimye gukorana n’umunyabuhinga ngo ni uko baba bazi ico umaze rero ivyo wabiriye akuya ni vyiza ko ubivyarisha umusaruro ukwiye kugira n’abana bawe baze bogorore mu myaka irimbere.

Ikiyago cabaye umunoni Big fizzo yaciye asaba Saido Ntibazonkiza kubarihira Vidéo na Mr champagne nkuko nyene yari yatanguye abasaba ko bokora iyindi collabo,
Saido yaravyemeye kwagiye ku bikora, twiokwitega collabo ya Big Fizzo na Mr Champagne ikazoba ibaye collabo igira kabiri bakoranye Inyuma yindirimbo ” Marceline”

What's your reaction?

Related Posts

1 of 793