BurundiAkes DonEntertainmententertainment PromotedhomepagekirundiOMSPremierepromotedSaido BerahinoTabac

Big Fizzo ngo aho bigeze umengo n’umuntu bomwica

Naho atavuga abashobora kuba bamwanka urwo kumwica, ariko aremeza ko bariho bivanye n’ivyo baheruka kumukorera.

Inyuma y’ukwibwa indirimbo zitaramenyekana igitigiri, humvikanye amajwi ya Big Fizzo yahumuriza abagize umurwi FFF -Fizzo Fans Family-. Muri ayo majwi yumvikanye asaba gusubiza umuti mu nda kuko ivyabaye bidasubira inyuma ariko ko amatohoza ariko arakorwa.

Naho atagize vyinshi avuga, yamenyesheje ko no mu ba fans biwe harimwo ibihemu, yongerako mu bamukoze mu jisho harimwo abaririmvyi bagenziwe, abafans, abamenyeshamakuru co kimwe n’aba DJ.

Uwo mwanditsi wa Trust Me, bamwivye, yumvikanye abandanya avuga ko abo babikoze bamaze kubona ko ataco bashoboye, arico gituma bakora ibishoboka vyose ngo bamwononere akazi.

S’ico gusa kuko yanamenyesheje ko naho ata wukundwa na bose, ngo aho bigeze umengo n’umuntu bomwica. Ivyo akaba yabivuze ariko atadoma urutoke abamwanka urwo kumwica.

Ivyo bikaba vyashitse mu gihe atabarizwa I Bujumbura, akaba ari mu karuhuko mu butariyano, aho arikumwe n’umutambukanyi wiwe.

Mwomenya ko Sat-b aza imbere mu bagirizwa n’abegereye Big Fizzo. Bikavurwa ko yoba akoresha amafaranga ngo bikunde

What's your reaction?

Related Posts

1 of 760