BurundiAkes DonEntertainmenthomepagekirundimusicPassport

Abakunzi ba R Flow ngo bagume biteguye

R Flow yavuze ko hari akaganuke afitiye abakunzi b’ibikorwa vyiwe, ariko ntiyabashije gushikiriza ryari kazoshirwa ahabona canke uko kazoba kameze.

Inyuma y’uturirimbo ariko arumvikanamwo akorana n’abandi baririmvyi, R Flow yavuze ko afitiye akaganuke abakunzi b’ibikorwa vyiwe. Akaba ariko atabashije kuvuga neza igihe, mbere nico agamije gushira ahabona.

Uwo muririmvyi asigaye yisumamwo mu gihugu kibanyi c’Urwanda akaba yabishikirije inyuma ya sasita kuri uyu wa kane igenekerezo rya 6 kigarama. Akaba yabishikirije abicishije ku rubuga rwiwe rwa Whatsapp, mu gace kitwa Status.

Uwo muririmvyi akaba yaheruka gushira ahabona akaririmbo haraheze amezi 3, ako nako kakaba kari kiswe Tell me Why aho yariko abwira umwigeme ko atabangutse kumubwira ko amukunda none ubu afise uwundi.

Ivyo akaba abishikirije mu gihe yaheruka gukora isanganya ari ku moto, ico gihe akaba yaratashe avuye kwisumamwo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 760