Entertainmenthomepage

Umukozo Festival imisi iharurwa ku ntoke ,hakazoca uwambaye.

Umukozo festival n’isabukuru ihuza abanyakaranga, igarutse kuyindi ncuro itavyorosha.

Blue harmony ifadikanije na “Akaranga Entertainment” bariteguriye imirwi ndangakaranga, hakazoba ari kw’igenekerezo rya 30 Ruheshi 2023 kuri Jardin public.
Muti ni bande bazobateramisha?

Umurwi Amagaba uri kw’isonga kuko ari nabo batanguje ico ciyumviro kigeze ku ncuro igira 4.

kuri Jardin public guhera isaha zine zo mugatondo(10h) hakazoca uwambaye, nayo kw’injira bika n’ibihumbi cumi ahasanzwe n’ibihumbi 100.000 ku bantu 4 ndetse n’ibihumbi 500.000 kuwushaka gufasha.

Imirwi izoba ihari akaba ari Amagaba, ihunja, Ass culturel, abagumyabanga, Benentare, Intahemuka, ndangaburundi, yagamahoro, akayazwe.

Tutibagiye n’abazodutwenza Baudouin na Kanyombya.

Ugerageje kuraba iyo mirwi yose hoba hariho icotuma umuntu asiba?
Niharambe akaranga k’abarundi

What's your reaction?

Related Posts

1 of 707