BurundiÉnergieEntertainmentkirundi

Big Fizzo yavuze kuri Collabo z’abanyamahanga zitabonetse muri Album ziwe

Mu ndirimbo zirenga 30 ziri mu nkurikirane 2 za Big Fizzo ziheruka gushirwa ahabona, Nta Collabo yiwe n’umunyamahanga n’umwe yizege ihabonekamwo mu gihe bizwi ko abaririmvyi batandukanye bo muri Kano karere basanzwe bamwemera.

Iryo bura ry’umunyamahanga, ariko hakaboneka ama Collabo n’abarundi gusa ryahavuye rigaruka mu kiganiro yakoreye muri Buja Fm ku musi wa kabiri. Nduwimana Mugani Desire yahavuye atanga umuco muri ico kiganiro.
Kubwa Nduwimana Big Fizzo ngo yabikoze kugira abo baririmvyi b’abanyamahanga basanzwe bamwizera babashe kwizera n’abandi baririmvyi b’abarundi biciye kuriwe.
Muri aya majambo agira ati:
“Ikintu catumye nkorana n’abaririmvyi b’iwacu, kugira ngere aho ndi nuko hari abantu bamfashije kandi babandanya kumfasha, si babanyamahanga bamfasha n’ab’iwacu bamfasha. Mu gihe jewe nzi yuko mbasha kuboneka kumusumba[Visibility], dukoranye indirimbo urya Chameleon w’umugenzi aca amumenya, barya bose uko banyizera baca bavuga bati nimba Fizzo yizeye uyu mupetit, nukuvuga ko uyu mu petit abizi.”

Muri ico kiganiro nyene uwo muririmvyi yagiriyeko ahanura abaririmvyi ko bokwijukira gukoresha imbuga zigurisha umuziki kuko zinjiriza umuririmvyi amafaranga menshi, Sat-b we akaba mu kiganiro yaheruka gutanga yamenyesheje ko ikimuraje ishinga ubu ari kugurisha umuziki kuri izo mbuga gusumba kurondera Views kuri Youtube.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 584