Entertainmenthomepage

Big Fizzo yibukijwe ko nawe yavyaye umudimudimu

Ibintu birakaze, ya Ntambara hagati ya Big Fizzo na DJ Paulin, B Face yayishizemwo ukuguru. Abahwaniriza hamwe abakubita amakofe mu matwi, kuko ngo bose ari abanyamafuti gusa.

Akoresheje urubuga rwa Facebook, uwo muririmvyi yanditse ubutumwa Bure Bure, aho yerekanye aho abo bagabo bose banyereye, noneho abereka n’uburyo bohagarika iyo ntambara itagira ifatiro.
Muri ubwo butumwa Big Fizzo ariko yita DJ Paulin umudimudimu yibukijwe ko muri ca gitigiri kitari gito c’abana biwe ngo harimwo uwufise urukoba rusa n’urwo Kwa DJ Paulin, none ngo niyishire mu kibanza c’umuvyeyi yumvise umwana wiwe bamuvugako nk’ayo ariko aravuga Kuri Dj Paulin uburyo yokwiyumva.
Yagize Ati : ” Wah guan Pipal, jewe ndafise ico nashaka gushikiriza ku bintu big Fizzo yavuze Kuri Dj Paulin. Kubisanzwe Fizzo yarakosheje kumwita umudimudimu n’ayandi majambo washikirije, kuko Paulin n’umurundi, afise umuvyeyi w’umurundi nawe aba ari umurundi, afise ibimuranga vy’umurundi. Na Mista Champagne na Bidondo tunaishi nao vizuri ata Kirundi bazi uretse DJ Paulin azi guca n’imigani. Rero nkuko tukwubaha nk’umuririmvyi ukurira benshi muri uno Muziki wacu, nashaka ndagusabe mu Cubahiro cawe nka mukuru wanje Kandi nemera, nta racism twipfuza muri Entertainment nimba twipfuza iterambere ry’umuziki wacu. Wibuke ko ufise umwana afise urukoba nk’urwa DJ Paulin, ejo babimututse wewe nk’umuvyeyi wiwe ntiworyoherwa. Rero ufate akanya usabe imbabazi kuko kunyerera ku mwana w’umuntu vyamyeho, ariko no gusaba imbabazi iyo wakosheje si bibi. Nka kurya wakebuye Drama T yakosheje agasaba imbabazi, nka mutoyi wawe ndabigusavye utange akarorero keza Kuri batoyi bawe, ejo nibakosha bumve ko gusaba ikigongwe ari ibisanzwe Kandi bitanga amahoro.
Hama ngaruke Gato kuri Dj Paulin, nawe nimba hari umusani yakunukiye, raba umugurire aga Carton k’amasabuni n’aga Parfum ka make, wama wabafashije muvy’imiziki raba ubashigikire no mw’isuku uzoba ukoze igikorwa gikomeye uretse kubasesa Kuma Tv.”
None yongera agaruka Kuri Sat-b na Belle, aca arangiriza ko atari kugenda atagize ico ashikiriza Kandi ari umu Rappeur. Yanaboneyeho akaryo ko kubwira abafana biwe cane cane abakunzi ba Rap ko igikorwa gishasha Kiri mu nzira, ngo bagume biteguye.
Ubwo butumwa bwashigikiwe n’abatari bake, aho bavuze ko uwo muririmvyi avuze nk’umuntu w’umugabo, Kandi banabwira uwo muririmvyi ko yabaye umuhuza w’abaririmvyi.
Ubwo butumwa bukaba butaretse kuvugwako n’ibinyamakuru n’aba Facebookeurs batari bake, kuko yabaye umwe wenyene mu baririmvyi batandukanye ba hano iwacu abashije kuja hagati muri iyo ntambara.
B face akaba abubahutse bose Kandi twohava tuvuga ngo ntashobora kububahuka kuko bose bamaze gukorana, akaba nka ba bandi ba ntirumveko.
B Face aheruka gukorana Indirimbo na Vania Ice, Indirimbo yashizwemwo amafaranga na DJ Paulin, Kandi buca amutwara muri Canada, ariko Kandi banafitanye Indirimbo na Big Fizzo, Indirimbo iri muri za nkurikirane 2 yasohorera rimwe.
Ubu rero tukaba turindiriye ico uwo muririmvyi Big Fizzo agiye kuzoshikiriza na rirya hagati yiwe na DJ Paulin hashizwe umwana wiwe w’umukobwa Ziya yavyaranye n’umuzungukazi w’umufaransa, ari nawe yamufashije kugira abashe kuronka ubwenegihugu bw’ubufaransa butuma uwo muririmvyi yama I Burayi kuyora amahera mu biteramo, mu gihe abandi vyabananiye.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 707