Entertainmenthomepage

Umudimudimu yoba ariyo ndirimbo Big Fizzo na Mb Data bagiye gusohora?

Ntibikiri ibanga ahubwo bibandanya bifata iyindi ntumbero Big Fizzo arasabwa gusaba ikigongwe ariko ngo na DJ paulin nawe ngo nasabe ikigongwe, mwibaza ko arinde yosaba ikigongwe?

 

Muvyo yagirizwa DJ paulin ngo nuko yatutse abaririmvyi ngo bafise umwanda ariko Fizzo Nawe ngo yatwawe n’ishavu mu kumwishura gushika aho amwita umudimudimu nubwo biruko Fizzo aracemeza KO atazina ry’umuntu yavuze nubwo Paulin aguma yikeka ko ariwe yavuzwe uti iyi ntambara igiye kugarukirahe?

Ivyo gusaba imbabazi vyovyo umengo biri kure kuko hamaze kugaragara cover y’indirimbo yitwa Umudimudimu, vyavuzwe ko yitiriwe abaririmvyi Big Fizzo na Mb data, kuko babonetse muri Studio za Bantu Bwoy bariko barakora igikorwa.

Iyondirimbo yitezwe n’abantu benshi kuko abo baririmvyi bose babiri Big Fizzo na Mb Data ubu icuka si ciza na DJ paulin yamara twizere ko batagiye kubimuririmbira ko bamwanka.

Ikibazo tuguma twibaza mbega iyo ndirimbo igiye kuvurwamwo ibiki? Ijambo Umudimudimu KO barigarukanye kandi hari abavuga yuko ritari rikwiye ko ryohamagarwa umuntu bagiye kurikoresha gute?

Mukubandanya turindiriye iyo ndirimbo wewe iyomishamirano uyivugakwiki?

What's your reaction?

Related Posts

1 of 707