BurundiEntertainmenthomepageIKIRUNDI_newsmusic

Big Fizzo yoba agiye kandi gukorera igiteramo ku mugabane wa Buraya

Inyuma y’imyaka itari mike umuririmvyi Mugani Desire ataboneka mu biteramo ku mugabane wa Buraya, uwo muririmvyi ashobora kuba agiye gusubira kandi gukorerayo ibiteramo? Ico n’ikibazo umuntu yokwibaza inyuma y’ukubona ivyo uwo muririmvyi yanditse ku rubuga rwiwe rwa Twitter.

Uwo muhumure iyo ari ku mugabane wa buraya, yanditse akoresheje urubuga rwiwe rwa Twitter ko ubufaransa bugiye kuzomwakira muri uku kwezi kwa 3, igenekerezo rya 5 neza neza i Paris mu  bufaransa.

Ntiyigeze atomora neza, ariko hagati mu ndome hakaba hanuganurwa igiteramo azokorerayo. Muri ico gihugu habaka hari abatari bake basanzwe bategura ibiteramo b’abarundi, barimwo nka Dj Bobo de Paris canke Dj Saido. Uwo wanyuma we bakaba basanzwe banafitanye igishobora kuba ari iyindi ndirimbo inyuma y’umudodo yumvikanye.

Ikindi nuko ari nka hamwe yoba ari igiteramo, nuko kizoba gikozwe mu kwezi kwahariwe abagore, kandi umutambukanyi wiwe barikumwe kuri uwo mugabane nawe akaba ashobora kucitegurira, kugira havyazwe umusaruro uwo musi mpuzamakungu.

Ivy’iryo nuganugwa bikaba bije inyuma yaho anabonekeye ari muri Studio kuri uwo mugabane, aho umwe mu bafana biwe akunze gutanga ivya Fizzo cane ariwe Yassin yavuze ko muri Bantu Bwoy batarota ariko ngo bakora.

Bikaba bishikirijwe kandi inyuma yaho habonekeye amashusho ya Mugani arikumwe na Uncle Crazy, abo baryango bakaba bari bamaze imyaka itari mike batabonana.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 744