East Africa NewsEntertainmenthomepagekirundi

Birashoboka ko Uwoya yoba agiye gusubira kugira ubugeni

Uwoya yatanze itariki ngo abantu bayigumize ku muzirikanyi, ariko yanka gutomora neza ikizoba. Igishoboka nuko ashobora gusubira kurushinga.

Inyuma y’ukuvana n’umukunzi wiwe bari bagize ubugeni Dogo Janja, Irene Uwoya benshi bazi nka O’prah yashize ahabona amashusho atari make aho yariko abwira abantu ko bogumiza ku muzikirikanyi itariki ya 26/10, Save the date.

Iyo tariki ntiyamenyesheje ikizoba, mbere ntiyanavuze nimba bwoba ari ubugeni uwo bazorushingana, ico yabashije gukora yavuze gusa ko bakwiye kuyigumiza ku muzirikanyi.

Ku rubuga rwa Instagram twabashije kubona izo photo uwo muvyeyi mugenzi w’umuhisi Katauti, akaba atakiriwe neza, kuko bamwe batanguye kumwagiriza kandi ubumaraya. Umwe mu bagize ico bashikiriza bamwemeje ko buri mugabo ashaka kugendana nawe aca amwemerera.

Ivyo bikaba bishitse mu gihe Dogo Janja yaheruka kubwira ibinyamakuru bamubajije kuco yohanura umuhungu azogendana na Uwoya, ko yogira umutima ukomeye wo kwihangana kuko uwo mukobwa agoye cane.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769