Entertainmenthomepagekirundi

Biratangaje Aahil umwana wa Melodie kuva muri Best Life Music ari kukinyamakuru nk’umwana w’umunyarwanda

Iyi n’inkuru yatangaje benshi bazi kino kibondo kimaze igihe kitari kinini cane kivukiye mu muryango wa Entertainment ya 257

Irishura Aahil omar Maotela ni umwana avuka mumuryango wa Nahimana Yves abenshi bazi nka Yves Melody (Best Life Music) n’umutambukanyi wiwe Irishura Igga Asma akaba ari ikibondo cavutse itariki 30 Nzero umwaka wa 2020 avukira kubitaro Kira Hospital.

Kuri uyu wa kabiri itariki 31 ukwezi kwa Ntwarante biciye kukinyamakuru Inyarwanda.com ico kibondo hakoreshejwe isanamu canke ifoto kuri Instagram ya Inyarwanda yerekana ko uwo mwana ari umunyarwanda ariko ko hoba hatabaye ukwitondera neza iyo nkuru
Banditse bagira bati:

‘’Umuhanzi Cyusa Ibrahim yubakiye kudyana gakondo ari mubyishimo bikomeye nyuma yuko yibarutse umwana w’imfura wavukiye muri Canada ku mugabane wa Amerika’’.

Ayo majambo yatwengeje cane umuririmvyi se w’ikibondo Yves Melodie kuva mumugwi wa Best Life Music ndetse n’abandi bashoboye kubona iyo nyandiko kuri instagram yabo aho bagize bati

‘’Oya sigaho iyo photo y’uwo mwana muriko mukoresha n’iy’umwana w’Uburundi’’.

Tukabibutsa ko Aahil ikibondo ca Yves Melodie na Igga Asma kw’itariki cumi n’mwe zuku kwezi turangije kwa gatatu 10 NTWARANTE ico kibondo cari kiramutse gikwiza imisi mirongo ine 40jrs.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769