Basketballgroups-at-messagekirundi_SportsSport

Bisoro yatahukanye igikombe

Umurwi wa Bisoro niwo watahukanye ihiganwa riheruka gutunganywa n’abakenyezi ukaba wirahiye umurwi w’igipolisi Rukinzo Volleyball club ku maseti atatu kuri imwe mugihe mu bakobwa Muzinga yatsinze les As zitatu ku busa ku kibuga c’ubushikiranganji bw’inkino.

Niyongabo Charles amenyereza Bisoro yavuze ko biteguriye urwo rukino cane arico gituma batsinze bitabagoye.

Uwumenyereza Rukinzo OPC1 Kabura Cassien yamenyesheje ko abakinyi biwe babuze ishaka na détermination muri urwo rukino akaba yavuze ko bazobikosora.

Nathalie Mugisha ari mu bateguye iryo higanwa yasavye abarongoye ishirahamwe rya Volley ball i Bujumbura no mu gihugu cacu ko iryo higanwa ryokwama riba uko umwaka utashe .

Uwurongoye ishirahamwe rya Volley ball mu Burundi Gordien Iradukunda yarashimye urugero urwo rukino rugezeko akaba yamenyesheko mu minsi ya vuba hazokinwa ihiganwa ku rwego rw’igihugu .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 291