Mugihe umukinyi w’Umurundi akina mu gihugu ca Tanzania mu mugwi wa Namungo Fc,Blaise Bigirimana mu ikiganiro yahaye Indundi TV kuvyerekeye ubuzima bwiwe mu bijanye n’umupira w’amaguru , yabajijwe itandukaniro riri hagati y’umupira wo mu Burundi n’ibindi bihugu yakinyemwo , akaba yavuze y’uko Abarundi barazi umupira ahubwo babuze ababashigikira gusa.
Akaba yagize ati :” Itandukaniro riri hagati y’Umupira wo mu Burundi hamwe n’ibindi bihugu naciyemwo abarundi ku mupira barawuzi ariko babuze ababashigikira .”
Mu nkino 16 z’ihiganwa ryo muri Tanzania Blaise Bigirimana amaze gukina amaze gutsinda ibitsindo 9.
Yaraciye mu migwi ya hano iwacu itandukanye nka Sobac Fc , Buja City , Athletico Olympic , Flambeau de l’est hamwe na Muzinga hama mu Rwanda akaba yarakiniye uUmugwi wa Kiyovu Sports , Muri Tanzania yakiniye imigwi ya Stand United , Alliance hamwe na Namungo Fc asanzwe akinamwakinamwo muri kino gihe .